Uko wahagera

AU Iranegura Ibikorerwa Abanyafurika muri Ikrene


Perezida wa Senegal Macky Sall
Perezida wa Senegal Macky Sall

Ishirahamwe rya Afurika rivuga ko rifise amakenga y’abanyafurika bariko barimwa uburenganzira bwo guhunga intambara muri Ikrene.

Umukuru w’iki gihe w’ishirahamwe rya Afurika, akaba na perezida wa Senegal, Macky Sall, hamwe n’umukuru wa Komisiyo y’ubumwe bwa Afurika Moussa Faki Mahamat, bariko bavuga ko bariko bakurikiranira hafi intambara ibera muri Ikrene cane cane amakuru avuga ko abanyafurika bimwa uburenganzira bwo kujabuka urubibe kugira bakize amagara yabo.

Mw’itangazo bashize ahagaragara kuri uyu wa mbere, abo bategetsi babiri bibutsa ko abantu bose bahabwa uburenganzira bwo kujabuka imbibe z’ibihugu mu gihe c’intambara. Abo bategetsi bibutsa kandi ko hadakwiye kuba ugucagura abemerewe guhunga Ikrene, hisunzwe ibihugu vy’amamuko canke urukoba rwabo.

Amakuru amaze imisi akwirakwizwa ku mbuga huriro yerekana ko abanyafurika batariko bafatwa kimwe nk’abandi kubwo urukoba rwabo kandi ubumwe bwa Afurika buvuga ko ibi bitemewe n’amategeko mpuzamakungu.

Kubw’ivyo, abo bategetsi b’ubumwe bwa Afurika basaba ibihugu vyose kwubahiriza amategeko mpuzamakungu, bikerekana umutima w’urukundo no gufasha abantu bose bahunga intambara badatoranije urukoba.

Macky Sall na Moussa Faki Mahamat basaba ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe rya Afurika na ambasade zavyo kwakira no kwereka inzira abanyafrika n’imiryango yabo bipfuza guhunga Ikrene kubw’umutekano wabo.

Amerika nayo ibicishije ku bushikiranganji bwayo bw’imigenderanire n’ayandi makungu, yaneguye iyo nyifato yo kwima abanyafurika uburenganzira bwo guhunga intambara muri Ikrene. Yavuze ko igikorwa cose co gutandukanya abantu hisunzwe urukoba cane cane kuri iki kibazo ca Ikrene ata mbabazi gihabwa.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, abicishije ku rubuga Twitter, yavuze ko Amerika iriko irakorana n’ibisata vya ONU biri ku rubuga muri Ikrene kugira abantu bose bariko bagerageza kujabuka mu bihugu bibanyi na Ikrene bafatwe ku rugero rungana.

Amerika isaba Ikrene kwugururira amayira abahunga kandi n’ibihugu bibanyi bikabugururira imiryango, hatisunzwe ko bafise amaviza canke batayafise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG