Uko wahagera

USA Igabisha "Ababangamiye Demokarasi" ya Sudani


Richard Mills icegera ca Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Richard Mills icegera ca Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Reta zunze ubumwe za Amerika yagabishije gufatira ibihano abanyasudani bariko babuza ko demokrasi igaruka mu gihugu. Amerika yasavye uno musi ku wa kabiri ko igisirikare kigira intambwe zihuta mu ntumbero y’ugusubiza ubutegetsi abasivile muri Sudani.

Richard Mills, icegera ca Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yatangaje ko Reta ya Amerika ishigikiye utwigoro tw’ibiro vy’ishirahamwe ONU muri Sudani, umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe IGAD mu ntumbero y’ugufasha Sudani gusubira mu ntwaro ya demokrasi.

Yasavye abasivile n’abasirikare muri Sudani kwihutisha gushiraho reta mfatakibanza iyobowe n’abasivile. Sudani yaranzwe n’uruhagarara rwa poritike kuva kudeta yahagaritse ikiringo mfatakibanza gishikana kuri demokrasi ibaye muri ico gihugu.

Kudeta y’igisirikare yatumye haba imyiyerekano isaba ko igihugu gisubira ku ntwaro y’igisivile. Iyo myiyerekano yarakandamijwe n’inteko zijejwe umutekano. Yatumye kandi ubutunzi bw’igihugu bwari busanzwe bucumbagira buyanzara kurushiriza.

Abasirikare bakuru bayoboye Sudani batangaje ko bazoshikiriza ubutegetsi reta ivuye mu matora. Bamenyesha ko amatora azoba mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2023, nk’uko ibwirizwa shingiro rigenga ikiringo mfatakibanza ribitegekanya.

Richard Mills, icegera ca ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, afise icizere ko ibiganiro bihagarariwe n’ishirahamwe ONU, umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe IGAD bizoshika ku kintu ngirakamaro vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG