Uko wahagera

Sudani: Imirwi Iharanira Demokrasi Isaba Abanyaguhugu Kwiyamiriza Ubutegetsi


Muri Sudani, imirwi iharanira demokrasi uyu musi kuwa gatatu, yasubiye gutera akamo gasaba kwiyamiriza kudeta yo mu kwezi kw’icumi yataye igihugu mu kaga ka politike, ikanatuma ubutunzi bw’igihugu buyanzara.

Ako kamo gasaba abanyagihugu kwihereza amabarabara kari mu twigoro dushasha two kuremera abasirikare b’abajenerali bafashe ubutegetsi bigatuma hatangura urutavako rw’imyiyerekano isaba intwaro ya gisivile.

Iyo kudeta ya gisirikare yarahagaritse intwaro y’imfatakibanza ya Sudani yariko intwara igihugu mu nzira ya demokrasi, inyuma y’imyaka irenga 30 ico gihugu kiri mu ntwaro y’agacinyizo, kandi carakumiwe n’amakungu ku butegetsi bwa Prezida Omar al- Bashir.

Iyo kudeta yaratumye ubutunzi bwa Sudani bwari busanzwe bujegajega, buyanzara. Igihugu ca Sudani cari catanguye inzira itoroshe ya demokrasi kuva aho imyiyerekano y’urutavanako itumye abasirikare bakura ku butegetsi al – Bashir hamwe na reta yiwe ya kisilamu mu kwezi kwa kane mu mwaka w’2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG