Uko wahagera

Papa Fransisiko Ntakigendeye Libani ku Mvo z'Amagara


Papa Fransisiko atwaye kw'ikinga ry'abafise amagara make i Vatikano, kw'itariki ya 5/5/2022
Papa Fransisiko atwaye kw'ikinga ry'abafise amagara make i Vatikano, kw'itariki ya 5/5/2022

Papa Faransisiko yasibije urugendo yari kuzogira muri Libani mu kwezi kwa gatandatu ku mvo z’amagara yiwe atameze neza. Umushikiranganji wa Libani ajejwe bamukerarugendo, Walid Nassar, ntiyavuze ibibazo vy’amagara yiwe, ariko Papa akunze kugira ububabare mw’ivi.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru i Vatikano vyemeje ko urwo rugendo rutakibaye nkuko rwari rwarategekanijwe, ariko kandi nta nsiguro zatanzwe.

Amakuru ava i Vatikano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko ata kirahinduka ku ngendo uwo mwungere wa Ekleziya Katolika ategekanya kuzogira muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo no muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kw’indwi.

Libani ni igihugu kirimwo abakirisitu benshi mu karere k’ubuseruko bwo hagati. Papa Fransisiko mu mezi aheze yarakiriye perezida hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Libani mu rugendo bagize i Vatikano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG