Uko wahagera

Putin Yarihojeje Umubonano Papa Fransisiko Amusaba


Papa Fransisiko na Prezida w'Uburusiya Putin
Papa Fransisiko na Prezida w'Uburusiya Putin

Umwungere wa Ekleziya katorika Papa Fransisiko yipfuza guhura na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kugira amusabe guhagarika intambara yo muri Ukraine.

Mu kiganiro Papa Fransisiko yahaye ikimenyeshamakuru, Corriere Della Sera, kiri mu bisomwa na benshi mu Butariyano, yavuze ko yasavye Putin ko yomuha umubonano I Moscow bakagirana inama, ariko ko Putin ataco aramwishura.

Papa Fransisiko yemeza ko ino nama yayisavye intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine imaze indwi zitatu, ariko ko naho ata nyishu Papa araronka, Vaticano ibandanya isaba uwo mubonano n’ubu. Papa Fransisiko yabwiye ikinyamakuru , Corriere Della Sera, ati: “ Ndibaza ko Putin adashaka ino nama kandi ata n’iyo azokwemera. Ariko none, ni gute umuntu ashobora gukora amahano nk’aya?” .

Umwungere wa Ekleziya Katorika muri ico kiganiro yahishuye kandi ko umushikiranganji wa mbere wa Hongriya, Viktor Orban, yamubwiye ko Putin ategekanya guheza ingwano yatanguje muri Ukraine igenekerezo ry’icenda uku kwezi, itariki Uburusiya bufata nk’isabukuru y’intsinzi y’igihe abanazi b’abadagi bamanika amaboko mu ntambara yo mu 1945.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG