Uko wahagera

Papa Fransisiko Ashimagiza "Ubutwari bw'Abamenyeshamakuru"


Umwungere wa Ekleziya Katorika
Umwungere wa Ekleziya Katorika

Amakungu kuri uno wa kabiri arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ishami rya ONU ryitahako ivy’ubumenyi n’akaranga, UNESCO, rifata mu mugongo ibijanye n’uyu munsi ryemeza ko abamenyeshamakuru 55 ari bo bishwe bazira umwuga wabo mu mwaka uheze w’i 2021.

Ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, CPJ, rivuga ko abamenyeshamakuru rizi bamaze kurwa ku rubuga mu ntambara muri Ukraine ari n’imiburiburi 7.

Reporters without Borders, ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe naryo rivuga ko amatohoza ryakoze yerekana ko hari abamenyshamakuru bahohotewe kubera imyambaro yabaranga bariko bakora amakuru mu ntambara ya Ukraine. Reporters without Borders nta bitigiri vy’abahohoterewe ku rubuga muri Ukraine ariko ivuga.

Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko mu misa yiwe yo ku wa Mungu nawe yashimagije ubutwari b’abamenyeshamakuru baba abiciwe ku rubuga canke abapfunzwe bazira umwuga wabo. Yashimiye kandi abanyamwuga yavuze ko bashira ahabona ibikomere vy’isi badatinya.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG