Uko wahagera

Sudani: Itana mu Mitwe ry'Abarabu n'Abatari Abarabu Sudani Ryahitanye 168


Umwe mu bakoze imyiyerekano muri Sudani
Umwe mu bakoze imyiyerekano muri Sudani

Itana mu mitwe hagati y’abari n’abatari abarabu muri Sudani yaraye ihitanye abantu 168. Amashirahamwe yitaho imbabare muri Sudani amenyesha ko ubwicanyi bwaraye bubaye mu ntara ya Darfur ari bumwe mu bwicanyi bubi bwa mbere bukozwe muri ico gihugu muri iyi myaka ya vuba, n’inyuma y’aho habereye kudeta.

N’inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi mfatakibanza bwari bwashizweho inyuma y’aho umukuru w’igihugu yari amaze igihe kitari gito ku butegetsi akuwe ku butegetsi mu 2019.

Iryo tana mu mitwe ribaye, ritumye abantu bibaza nimba igisirikare kiri ku butegetsi gifise ububasha bwo gucungera umutekano mu ntara ya Darfur, hasanzwe hasinzikajwe n’intambara ya gisivile imaze imyaka itari mike. Mu mwaka wa 2020 akanama ka ONU kajejwe umutekano karakuyeyo abasirikare bako bari bariyo.

Umuvugizi w’ibiro bijejwe gutunganya ibikorwa vyo gufasha abataye ingo zabo muri Darfur, Adam Regal, atangaza ko ubwo bwicanyi bwaraye bubaye bwakomerekeje kandi abantu 98.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG