Uko wahagera

USA: Sena Yemeje Izindi Mfashanyo z'Imiriyaridi 40 z'Amadolari kuri Ukraine


Abasirikare ba Ukraine mw'ishamba hafi y'uburaruko bwa Kharkiv, mu buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 15/05/2022
Abasirikare ba Ukraine mw'ishamba hafi y'uburaruko bwa Kharkiv, mu buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 15/05/2022

Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane yatoye iremeza imfashanyo nshasha kuri Ukraine ingana n’imiriyaridi 40 z’amadolari. Aya mafaranga yemejwe ku bwinshi kandi iri tegeko ryaciye rirungikirwa Perezida Joe Biden kugira azorisinye.

Iyi mfashanyo izofasha Ukraine mu mezi atanu ari imbere mu rugamba irimwo n’Uburusiya. Irimwo amafaranga y’ibikoresho vya gisirikare, gutanga imyimenyerezo, no kugura inkoho. Azovamwo kandi imfashanyo ku banyagihugu hamwe n’ayazofasha mu kibazo c’ubukene bw’ibifungurwa catewe n’intambara igeze mu mezi atatu.

Imbere yuko iyi mfashanyo yemezwa, abasenateri batari bake bavuze ko gufasha Ukraine kwivuna Uburusiya vyari ngombwa ko bikorwa.

Senateri aserukira abarepubulikani, Mitch McConnell, yavuze ko gufasha Ukraine birenze gutanga imfashanyo bisanzwe. Ariko ngo kazoza k’umutekano wa Amerika hamwe n’inyungu zayo bizogaragazwa n’ikizova muri iyi ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG