Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bemeje Izindi Miriyaridi $40 zo Gufasha Ukraine


Nancy Pelosi, umukuru w'inama nshingamateka
Nancy Pelosi, umukuru w'inama nshingamateka

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri yatoye yongera iremeza amafaranga mashasha yo gufashisha Ukraine muvya gisirikare n’abanyagihugu angana n’imiriyaridi 40 z’amadolari. Bitegekanijwe ko Sena nayo izoyemeza imbere yuko iyi ndwi irangira.

Ibi bikurikiye itegeko ryasinywe ku musi wa mbere na Perezida Joe Biden ryo kwihutisha gutanga imfashanyo z’ibirwanisho vyemererwa Ukraine kugira ico gihugu ntigikehanirwe ku rugamba.

Ni inyuma kandi y’amezi abiri Kongres ya Amerika yemeje izindi mfashanyo za gisirikare zingana imiriyaridi z’amadolari 13.6 zo gufasha Ukraine. Perezida Joe Biden, yaragabishije ko imfashanyo za gisirikare zarungikiwe Ukraine ziherana n’iyi ndwi.

Hambavu y’ivyo, abategetsi mw’iperereza rya Amerika bavuze ko Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin asa n’uwuriko arategura intambara y’igihe kirekire muri Ukraine.

Kuri uyu wa kabiri kandi, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Mario Draghi yaragendeye perezidanse ya Amerika White House azanye ubutumwa ko abanyaburaya bakeneye ko iyi ntambara irangira biciye mu nzira ya diporomasiya.

Ariko Perezida Biden nyaco yavuze kuvyavuzwe n’uwo mushikiranganji, kandi abategetsi ba Amerika bakunze kuvuga ko ata cizere babona c’uko Uburusiya bwipfuza ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG