Uko wahagera

Kongre y'Amerika Irashigikiye Imfashanyo ya Miriyaridi 33 kuri Ukraine


Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika na bamwe mu bashingamateka bamuherekeje muri Ukraine
Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika na bamwe mu bashingamateka bamuherekeje muri Ukraine

Kongre y’Amerika haba ku ruhande rw’abademokrate canke abarepublikane barashigikiye cane imfashanyo igera ku mamiriyaridi 33 z’amadorali, Prezida Joe Biden asabira Ukraine.

Ayo mafaranga akaramuka yemejwe, azoba aje yiyongera ku zindi miriyaridi 13 n’amamiriyoni 6 Amerika yahaye Ukraine mu ntango z’uno mwaka nk’imfashanyo mu vy’ubutunzi, ubutabazi na gisirikare.

Mu rugendo umukuru w’inama nshingamateka, y’Amerika Nancy Pelosi, yahoramwo muri Ukraine, yavuze ko Kongre y’Amerika iriko irihutisha ibikorwa vyo kwemeza iyo mfashanyo, agira ati: “ Ni amafaranga menshi kongre yishimiye gutanga.”

Naho kongre y’Amerika ishigikiye imfashanyo Joe Biden asabira Ukraine, hari yamara bamwe mu bademokrate n’abarepublikane bashikiriza amakenga y’ububasha Prezida Biden ahabwa n’amategeko, bushobora kumutuma Amerika ija mu vy’intambara ya Ukraine n’Uburusiya. Aha ariko, Biden akatari gake yavuze ko Amerika itazokwigera irungika ku rubuga abasirikare bayo gushigikira Ukraine mu rugamba irimwo n’Uburusiya.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG