Uko wahagera

Ukraine Yishimiye Imfashanyo Amakungu Abandanya Kuyiha


Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Denys Shmyhal, mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika.
Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Denys Shmyhal, mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika.

Ukraine yemerewe ingabire y’amafaranga arenga imiriyaridi 6 n’ibihumbi 500 vy’amadorali y’Amerika. Ayo mafaranga yatanzwe n’abagira neza bari bamaze imisi I Varsovie ku murwa mukuru wa Polonye mu nama yo gutoza uburyo bugenewe gufasha ico gihugu.

Mu kiganiro cihariye umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yahaye ibiro vy’Ijwi ry’Amerika ku mugabane wa Buraya yo mu buseruko, yashimiye umuryango w’Ubumwe bwa Buraya ku co yise akigora uriko uragira mu gushigikira Ukraine. Umushikiranganji, Denys Shmyhal, yavuze ko ingabire bahawe bazoyisararanganya mu vy’ubutabazi n’ibindi igihugu gikeneye.

Umushikiranganji Denys yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko igihugu ciwe muri ano mezi ane aheze kigira igihengeri c’uburyo bugera ku miriyaridi zitanu z’amadorali ku kwezi, akavuga ko ubwo buryo bwose rero burimwo n’ubundi bugera ku miriyaridi 33 z’amadorali Prezida w’Amerika asaba Kongre y’Amerika guha Ukraine, buzoba ubwo kuzuza igihengeri, no gutuma ubuzima bw’igihugu bubandanya mukurindira ko “Ukraine itsinda intambara, igasubira kwiyubaka bidatevye.”

Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yahamagariye amakungu kotsa igitutu Uburusiya, asigura ko bitagenze uko, isi izohura n’akaga k’inzara bivuye ku mamiriyoni n’amamiriyoni y’intete zirimwo ibigori, ingano n’amavuta Ukraine itariko irashorera mu bihugu bitandukanye birimwo ivya Afurika nkuko vyahoze mbere y’intambara.

Uwo mutegetsi ikindi yavuze, ni uko abasivile bariko barwa mu ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine barenga incuro 10% kw’ijana vy’abasirikare barwa ku rugamba. Yashimiye Ubumwe bwa Buraya avuga ko buriko bwakira neza cane impunzi za Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG