Uko wahagera

Perezida Biden Yasinye Itegeko Ryihutisha Imfashanyo Zihabwa Ukraine


Perezida Joe Biden asinya itegeko ryiswe Lend-Lease Act rigamije kwihutisha imfashanyo zihabwa Ukraine
Perezida Joe Biden asinya itegeko ryiswe Lend-Lease Act rigamije kwihutisha imfashanyo zihabwa Ukraine

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu musi wa mbere yasinye itegeko rimuha ububasha bwo kurungika mu buryo bwihuta ibirwanisho vyo gufasha Ukraine mu ntambara n’Uburusiya. Ni itegeko rishingiye ku ntambara ya kabiri y’isi, igihe Amerika yafasha ibihugu vya Buraya vyari bifatanije mu ntambara kugira batsinde abanazi bo mu Budagi.

Perezida Biden yavuze ko izi mfashanyo kuri Ukraine zizofasha ico gihugu kwirwanira no kurwanira demokarasi. Yiyemereye kandi ko iyi ntambara imaze gutwara Amerika amamiriyaridi y’amadolari.

Iri tegeko ryasinywe kuri uyu wa mbere, kw’itariki icenda z’ukwezi kwa gatatu, itariki ngarukamwaka yitiriwe umusi w’Uburaya. Ni yo tariki yashingiweko ubumwe bwa Buraya mu 1950.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG