Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Intambara n'Uburusiya Ikaze


Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ugutana mu mitwe gukomeye hagati y'inteko z'igihugu cabo n'Uburusiya kuriko kuraba mu gihe Uburusiya buriko buhimbaza intsinsi y'inteko z'abasoviyete mu ngwano ya kabiri y'isi yose.

Prezida Putin yabwiye inteko z’igihugu ciwe uno musi ku wa mbere ko zirirko zirwanira igihugu cazo. Hari igihe haba defile yerekanye inguvu za gisirikare z’Uburusiya, mu gihe inteko z’ico gihugu zongereje ibitero zimaze indwi icumi zikorera muri Ukraine.

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko ingwano ikomeye irirko ibera mu buserurko bw’igihugu. Bakaba bagabishije abanyagihugu kwikingira ibitero vya za misile bitegekanaijwe mu gihe Uburusiya bwibuka imyaka 77 irangiye butsinze aba Nazi mu ngwano ya kabiri y’isi yose.

Prezida w’Uburusiya, Vladidmir Putin, yatangaje ko ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya vyari bigenewe kwivuna umwansi, kandid ko vyari kutaba iyo ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN ritigarurira ibice avuga ako vyahoze ari ivy’Uburusiya. Amenyesha ko bafashe ingingo y’ukwitanga umwansi.

Yamara umuhanuzi mukuru wa Prezida wa Ukraine, Mykhailo Podolyak. Atangaza ko ata migambi ibihugu bigize ishirahamwe OTAN vyari bifise y’ugutera Uburusiya, kandi ko ata migambi igihugu ciwe gifise w’ugutera intara ya Crimeya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG