Uko wahagera

Ukraine Igabisha ko Uburusiya Bushobora Kongereza Ibitero ku wa Mbere


Perezida wa Ukraine
Perezida wa Ukraine

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, uno munsi ku wa Mungu aragirana inama n’abakuru b’ibihugu indwi bitunze gusumba ibindi kw’isi. Ni inama iza kuba biciye ku buhinga bwa none.

Abategetsi b’Amerika, Canada, Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ubuyapani n’Ubutariyano bavuze ko bahura na perezida wa Ukraine mu ntumbero yo kwereka Ukraine ko bari ku ruhande rwayo mu ntambara irimwo n’Uburusiya.

Inama yo kuri uno wa Mungu ibaye mu gihe Uburusiya buriko bwitegurira isabukuru y’imyaka 77 iheze icahoze ari Union Sovietique gitsinze intambara y’abanazi b’abadagi. Uwo munsi urahimbazwa cane mu Burusiya.

Ukraine yagabishije abanyagihugu bakiri mu gihugu ko Uburusiya bushobora kugaba ibitero vyinshi mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi bufata nk’intsinzi ikomeye.

Hagati aho, Ukraine yatangaje ko igitero Uburusiya bwagavye kuri rimwe mu mashure ari mu gisagara kiri mu buseruko citwa, Bilohorivka, cahitanye abagera kuri 60. Ukraine mu bindi yagirije Uburusiya uno munsi, ni kugaba ibiterao ahari ibibanza vy’iratiro bitandukanye. Muri rusangi, Ukraine yemeza ko Uburusiya bumaze kubomora ibibanza vyayo vy’iratiro vyababa 200.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG