Uko wahagera

EU Kwiga ko Ukraine Yokwinjira muri uwo Muryango


Prezida wa Ukraine kumwe na Ursula von der Leyen wa EU
Prezida wa Ukraine kumwe na Ursula von der Leyen wa EU

Urwego nyobozi rw'umuryango w'ubumwe bw'Uburaya ruzotanga iciyumviro carwo mu kwezi kwa gatandatu ku vyasabwe n'igihugu ca Ukraine vy'ukwinjira muri uyo muryango.

Azoba ari intambwe ikomeye cane imbere y’uko ico kibazo cihwezwa n’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Uburaya. Umuyobozi w’urwego nyobozi rw’umuryango w’Ubumwe bw’Uburaya, Ursula von der Leyen, yavyemeje ku rubuga rwe rwa Twitter uno musi ku wa mbere.

Mu kwezi guheze kwa kane, Ursula von der Leyen, yaragendeye Ukraine mu kwerekana ko yifatanije n’ico gihugu. Yemeye ko umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya uzokwihweza umugambi umaze igihe wa Ukraine w’ukwinjira muri uyo muryango.

Kwemerera icese ico gihugu muri uyo muryango izoba ingingo y’ibihugu uko ari 27 biwugize, bifatiye ku bizoba vyashikirijwe n’urwego nyobozi rwawo.

Ukraine izotegerezwa kwubahiriza ibisabwa ku bijanye n’ubuyobozi bwiza, kurwanya ibiturire n’ukwubahiriza amategeko imbere y’uko yemererwa mu muryango w’ibihugu vy’Uburaya.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG