Uko wahagera

Senegal: Abanyagihugu Igice c'Umuriyoni Bazohabwa Amafaranga yo Kubasahiriza mu Bukene


Perezida wa Senegal, Macky Sall
Perezida wa Senegal, Macky Sall

Perezida wa Senegal, Macky Sall kuri uyu wa kabiri yatangaje ko agiye kurungikira amafaranga imiryango y’abanyagihugu biwe ishika hafi igice c’umuriyoni. Aya mafaranga azobafasha mu bihe vy’ubukene barimwo vyatewe n’intambara iriko ibera muri Ukraine hamwe n’ikiza ca Covid-19.

Kuva Uburusiya buteye Ukraine mu mpera z’ukwezi kwa kabiri, ibiciro vy’igitoro hamwe n’ibiribwa cane cane ivyo mu bwoko bw’intete vyaraduze ku masoko mpuzamakungu. Ibi vyaragize ingaruka zidasanzwe ku bihugu bisanzwe bikenye nka Senegal.

Perezida Macky Sall yemeye kuzoha imiryango 542.956 amafaranga angana imiriyaridi 43.4 z’ama CFA, n’ukuvuga imiriyoni 70 z’amadolari. Umuryango umwe umwe uzorungikirwa 80.000 vy’ama CFA kugira abasahirize mu kugura ibifungurwa hamwe no kwigisha abana babo.

Umuyobozi w’ibanki y’isi muri Senegal, Nathan Belete, yavuze ko aya mafaranga azova mu migambi y’iterambere ifashwa n’iyo banki muri Senegal, ayandi yatanzwe n’ibihugu nk’Ubudagi, n’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG