Uko wahagera

Senegal: Perezida Macky Sall Yasheshe Reta Yose


Perezida wa senegal, Macky Sall

Perezida wa Senegal Macky Sall kuri uyu wa gatatu yasheshe reta yose y’abashikiranganji 32 inyuma y’amezi 18 bari bayimazemwo.

Umuvugizi wa perezida, Abdou Latif Coulibaly, yavuze ko Sall yasinye itegeko ribahagarika ariko imvo yabitumye canke igihe hazoshingwa iyindi reta nshasha ntivyatangajwe.

Perezidanse ivuga ko abo bashikiranganji bazobandanya imirimo yabo imbere yuko basubirizwa.

Mu rindi tegeko kuri uyu wa gatatu nyene, Perezida Sall yakuyeho umunyamabanga mukuru wa reta Mahammed Boun Abdallah Dione, yahoze ari umushikiranganji wiwe wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG