Uko wahagera

Senegal: Perezida Macky Sall Yagabiye Abakinyi Batahukanye Igikombe


Abakinyi ba Senegal bigina intsinzi y'igikombe ca CAN 2021
Abakinyi ba Senegal bigina intsinzi y'igikombe ca CAN 2021

Perezida wa Senegal Macky Sall kuri uyu wa kabiri yahaye ingabire abakinyi b’ikipe y’igihugu y’umupira w’amaguru baheruka gutahukana igikombe ca CAN ku musi w’Imana uheze. Yagabiye umwe wese ibihumbi 87 vy’amadolari hamwe n’amatongo ku murwa mukuru Dakar no mu gisagara vyegeranye Diamniadio.

Ibi vyabereye ku kirimba ca perezida, ku murwa mukuru Dakar, ahari hakoraniye amasinzi y’abakunzi b’umupira w’amaguru b’ico gihugu. Ariko Perezida yavuze ko yababajwe n’abantu batatu bapfuye bari mu kigwi c’abariko bigina iyo ntsinzi.

Perezida yasavye umumenyereza w’iyo ekipe ya Senegal, Aliou Cisse kubandanyana nabo mu nkino z’ica kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’isi zibera muri Qatar muri uyu mwaka wa 2022. @AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG