Uko wahagera

Perezida wa Senegal Yasavye Ubudagi Kugumiza Abasirikare muri Mali


Indege y'Igisirikare c'Ubudagi irindiriye kuguruka muri Mali, mu kwezi kwa kane, itariki 25, 2021
Indege y'Igisirikare c'Ubudagi irindiriye kuguruka muri Mali, mu kwezi kwa kane, itariki 25, 2021

Perezida wa Senegal, Macky Sall, kuri uyu wa mbere yasavye Ubudagi kugumiza inteko zabwo muri Mali. Ni mu gihe hari amakenga ya kazoza k’ico gihugu co muri Sahel inyuma y’aho Ubufaransa butangarije ko bugiye gukura abasirikare muri Mali.

Ibi perezida Macky Sall yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar ari kumwe na perezida w’Ubudagi, Frank-Walter Steinmeier.

Ubudagi bufise abasirikare 1.170 mu nteko za ONU ziri kubungabunga umutekano muri Mali, zizwi nka MINUSMA. Iki gihugu ca Buraya cararungitse kandi abasirikare 328 mu nteko za Buraya ziriko ziratanga imyimenyerezo muri Mali.

Umushikiranganji w’Ubudagi wo kwivuna abansi, Christine Lambrecht, yavuze ko agikekeranya ku kugumiza abasirikare biwe muri izo nteko za Buraya. Yongeye yibaza nimba Ubudagi buzoguma muri MINUSMA butari kumwe n’Ubufaransa.

Ubufaransa bwatangaje mu ndwi iheze ko bugiye gukura abasirikare muri Mali inyuma yo kutumvikana n’abasirikare bari ku butegetsi muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG