Uko wahagera

Ubudagi Bwasubiye Kwugurura Ambasade Yabwo muri Ukraine


Ahari ubuserukizi bw'Ubudagi muri Ukraine
Ahari ubuserukizi bw'Ubudagi muri Ukraine

Ubudagi bwasubiye kwugurura ambasade yabwo muri Ukraine uno musi ku wa kabiri. Hari inyuma y’uko iyo ambasade yari yugawe mu kiringo kirenga amezi abiri kubera ibitero vy’Uburusiya kuri Ukraine.

Annalena Baerbock, niwe mutegetsi wa mbere muri Reta y’Ubudagi agendeye Ukraine kuva ingwano muri Ukraine itanguye. Yemeye ko Ubudagi buzoshigikira kurushiriza Ukraine, harimwo ivyerekeye itohoza n’ugukwirikirana ivyaha vyo mu ngwano vyakozwe muri ico gihugu.

Mw’ijambo yashikirije inyuma y’uko agendeye ibisagara vya Bucha na Irpin, aho abasirikare b’Uburusiya baregwa ko bishe abasivile batari bake, Baerbock yatangaje ko ibintu bitazosubira kwijana ku vyaha vyakorewe muri Ukraine, abantu bakuwe muri ico gihugu bakajanwa ku nguvu mu Burusiya, abakoze ubwicanyi n’abafashe abapfasoni n’abigeme ku nguvu.

Amenyesha ko bazofasha muri ico gikorwa bakoresheje uburyo bwa politike n’amafranga, cane cane muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Annalena Baerbock, yerekanye ko ababajwe cane n’abasivile bishwe mu ngwano muri Ukraine. Amenyesha ko ubwicanyi bukabije cane bwakorewe mu gisagara ca Bucha, ku nkengera z’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev. Ico gisagara cari cigaruriwe n’inteko z’Uburusiya mu kiringo kitari gito. Yatangaje kandi ko igihugu ciwe gishigikiye ibihano vyafatiwe Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG