Uko wahagera

Abateshejwe Izabo muri Ukraine Bageze ku Miriyoni 8


Bamwe mu begeranirijwe mu gihugu muri Ukraine
Bamwe mu begeranirijwe mu gihugu muri Ukraine

Abantu barenga imiliyoni umunani bavurwa ko bakuwe mu zabo n'ingwano y'Uburusiya muri Ukraine. Bahunze ingo zabo yamara baguma mu gihugu nk'uko vyatangajwe n'ishirahamwe mpuzamakungu uno musi ku wa mbere.

Abo bantu biyongeye ku bandi barenga imiliyoni 5 n’ibihumbi amajana icenda bahunze kuva Uburusiya butanguye ibitero vyabwo muri Ukraine kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri.

Ibitigiri vy’abakuwe mu zabo n’ingwano muri Ukraine gushika ku musi wa kabiri w’indwi irangiye vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira, vyariyongeye. Vyavuye ku bantu imiliyoni 7 n’ibihumbi amajana indwi iryo shirahamwe ryari ryatanze gushika kw’italiki 17 y’ukwezi kwa kane.

Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, Antonio Vitorino, yatangaje ko ivyo abakuwe mu zabo n’ingwano n’abandi bose bageramiwe n’ingwano bakeneye bitera vyongera.

Avuga ko gushikira abanyagihugu bakeneye imfashanyo bibandanya kuba ikibazo gikomeye mu gihe ingwano ibandanya muri Ukraine. Yamara avuga ko imfashanyo zihutirwa zitangwa muri ico gihugu no mu bihugu bibanyi. Ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’abavuye mu zabo gushika ubu muri Ukraine ni abapfasoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG