Akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu katangaje ko kazotumako inama idasanzwe ku musi wa kane izokwihweza uguhungabanya ako gateka biriko birakorwa n’Uburusiya muri Ukraine.
Ibihugu birenga 50 kuri uyu wa mbere vyifatanije na Ukraine mu gusaba iyo nama idasanzwe.
Yevheniia Filipenko, ambasaderi wa Ukraine muri ONU i Geneve, yavuze ko iyi nama izoba ari akaryo ko kurungikira ubutumwa perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine, mu gihe abandanya avuga ko intambara y’Uburusiya muri Ukraine yari ikwiye kugira akingire igihugu ciwe.
Uburusiya bwateye Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa kabiri, buca burakumirwa n’amakungu. Bwari mu bihugu bigize akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu gushika inama rusangi ya ONU iteranye i New York igatora mu kwezi guheze kwa kane, yemeza kubukuramwo ibwagiriza guhungabanya agateka ka muntu.
Uburusiya bwaciye bwikura ubwo nyene muri ako kanama.
Facebook Forum