Uko wahagera

Uburusiya Bwakuwe mu Kigo ca ONU ca bamukerarugendo


Ikigo ca ONU kijejwe ba mukerarugendo kuri uyu wa gatatu cakuye Uburusiya muri uwo muryango kubwo ibitero buriko burakora muri Ukraine. Cisiguye kivuga ko Uburusiya bwaciye ku biri n’amategeko akigenga.

Umuvugizi w’ico kigo gifise icicaro i Madrid muri Esupanye, yavuze ko ibihugu nka vyose 159 bigize ico kigo vyashigikiye iyo ngingo, mu nama ya bose idasanzwe yakoranye kuri uyu wa gatatu. Ariko umuvugizi w’ico kigo ntiyavuze igitigiri c’ibihugu vyashigikiye iyi ngingo.

Imbere yuko iyo nama ikorana, Uburusiya bwatangaje ko buvuye muri iryo shirahamwe, kandi n’intumwa yabwo yaciye yidohora mu bandi imbere y’amatora.

Iki kigo ca ONU kijejwe ba mukerarugendo, caragabishije ko intambara muri Ukraine izobangamira igisata ca ba mukerarugendo ku rwego rw’isi, naho caheruka guhungabanwa n’ikiza ca Covid-19.

Inama rusangi ya ONU mu ntango z’uku kwezi yaratoye kandi yemeza gukura Uburusiya mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu, ivyatumye mu nyuma Uburusiya nabwo butangaza ko buvuye muri ako kanama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG