Amatora y’umukuru w’igihugu muri Somaliya azoba igenekerezo rya 15 uku kwezi kwa gatanu. Hari haheze umwaka urenga ico gihugu kidashobora kuyatunganya nkuko ikirangaminsi co mu ntango cabitegekanya.
Umurwi w’abashingamateka bahawe igikorwa co gutegura amatora ya perezida wemeje ano matariki ubicishije kuri tereviziyo y’igihugu. Manda ya perezida Mohamed Abdullahi Mohamed batazira Farmajo, yaheze mu kwezi kwa kabiri ko mu 2021, ariko aguma ku butegetsi bitewe ahanini n’uko vyamunaniye gutunganya amatora yo kumusubiriza. Mu zindi mvo nyamukuru zacereje amatora, harimwo indyane zimaze igihe hagati y’indongozi zo ku rwego rw’igihugu n’ama Reta yigenga.
Ikiranga minsi gishasha kivuga ko abazokwitoza bazokwiyandikisha igenekerezo rya munani uku kwezi kwa gatanu, imigambi n’imigabo yabo bakayibwira inama nshingamateka ku magenekerezo ya 11 na 12, hama itora rikaba igenekerezo rya 15. Muri Somaliya, perezida atorwa n’abashingamateka n’abakenguzamateka. Uwegukana intsinzi ategerezwa kuronka n’imiburiburi bibiri vya gatatu vy’abagize inama nkenguzamateka na nshingamateka: Ni kuvuga amajwi 184.
Perezida Farmajo aremerewe n’amategeko kongera kwitoza. Mu bamaze kumenyekana bazoba bahanganye nawe, harimwo babiri mu bigeze kuyobora Somaliya: Hassan Cheikh Mohamoud (2012-2017) na Sharif Cheikh Ahmed (2009-2012). Farmajo mu bandi bazohangana harimwo, uwahoze ari umushikiranganji wiwe wa mbere, Hassan Ali Khaire (2017-2020).
Uwuzokwegukana intsinzi arindiriwe n’ibibazo birimwo ukurwanya imirwi y’intagondwa irwiriyemwo aba Al-Shabaab bamaze igihe babangamiye umutekano wa Somaliya. Ikigega mpuzamakungu, FMI, vyari bitegekanijwe ko hageze itariki ya 17 Somaliya itaratora perezida mushasha gica gihagarika imfashanyo caha ico gihugu. Amerika iri mu bihugu bibandanya kwotsa igitutu Somaliya bisaba kwihutisha amatora yari yaradindiye.
Somaliya: Amatora ya Perezida Yacerewe Umwaka Azoba Vuba

Facebook Forum