Uko wahagera

UA Iriyamiriza Igitero ca Al-Shabaab ku Ngabo Zirimwo iz'Uburundi


Umukuru wa komisiyo y’Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki Mahamat
Umukuru wa komisiyo y’Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki Mahamat

Umuryango w’ubumwe bwa Afurika uratera ivyatsi igitero intagondwa za al- Shabaab zagavye ejo ku wa kabiri ku ngabo za ATMIS ziri kugarukana amahoro muri Somaliya.

Mw’itangazo umukuru wa komisiyo y’Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki Mahamat yasohoye ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, yahojeje imiryango y’abasirikare b’Abarundi baguye muri ico gitero, yongera ahoza muri rusangi Abarundi na Reta y’Uburundi, yipfuriza abakomeretse gukira ningonga.

Mu bundi butumwa Moussa Faki Mahamat yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yavuze ko yavuganye na prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu ntumbero yo guha icubahiro abaguye muri ico gitero.


Yaba Ubumwe bwa Afurika, yaba Uburundi, nta ruhande ruravuga igitigiri c’ abasirikare b’Abarundi baguye muri ico gitero. Abarwanyi ba Al-Shabaab ico bikoze bavuze ko bishe abasirikare 173, bagira imbohe abandi batatomoye igitigiri. Ibihugu bikomokamwo abapfuye muri abo 173 n'abagizwe imbohe nta ruhande rurabitomora neza.

Abdullahi Haji Muhumed, buramatari w’akarere ka El-Baraf karimwo ikambi yatewe, yabwiye Ijwi ry’Amerika mu gisata c’ururimi rw’igisomali ko, naho igitero cabaye atariho ari, bamubwiye ariko ko “ Hapfuye abasirikare benshi b’abarundi”. Ntiyigeze yamara na wenyene atomora igitigiri c’abaguye muri ico gitero.

Muri ico kiganiro n’Ijwi ry’Amerika, Haji Muhumed yagize ati: “ Ugutana mu mitwe nk’ukwabaye kuri uno wa kabiri ni ubwa mbere kubaye muri aka karere. Imigwano yari ikaze cane.”

Ikambi yatewe ejo ku wa kabiri iri ku birometero 150 y’uburaruko bw’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadicio. Iri mu za mbere zifise ubuhinga buhanitse kandi zirimwo ingabo nyinshi ziva mu Burundi. Igitero c’ejo ku wa kabiri, ni naco kandi ca mbere gikomeye intagondwa za al-Shabaab zigavye kuva AMISOM ihinduriwe izina ikitwa ATMIS.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG