Uko wahagera

Bane Baguye mu Gitero Al-Shabab Yagavye muri Somaliya


SOMALIA-EXPLOSIÓN
SOMALIA-EXPLOSIÓN

Muri Somaliya, igipolisi catangaje kw’abantu bane bishwe mu gitero c’abiyahuzi cakozwe ku kirindiro cabo hafi y’ikibanza c’indege ku murwa mukuru Mogadisho.
Amakuru yashikirijwe n’umupolisi, Ali Hassan avuga ko babiri muri abo bantu bishwe, ari abasirikare b’igihugu, baciye bitaba umuremyi buno nyene. Abandi bantu batari bake bakomeretse, baciye banyarukanwa mu bitaro n’imodoka rusehabaniha.

Ico kibombe caturikijwe igihe abanyapolitike bariko barahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu, bariko bagana ikibanza gicungerewe cane kiri mu micungararo y’ikibanza c’indege. Bari bagiye gushikiriza ijambo abashingamateka, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe ku musi wa mungu.

Umurwi wa kiyislamu w’intagondwa al-Shabab watangaje ko ari wo wakoze ico gitero casambuye n’amamangazine atari make ari ku nkengera y’ibarabara iryo bara ryabereyeko.

Umurwi al-Shabab urwanya reta ya Somaliya wama wakoze ibitero vyiha inkumbi ku murwa mukuru Mogadisho hamwe no bindi bice vy’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG