Uko wahagera

Igitigiri c'Ingabo z'Abarundi Baguye muri Somaliya Ntikivugwako Rumwe


Bamwe mu Barundi Bari muri Somaliya
Bamwe mu Barundi Bari muri Somaliya

Amakuru yuzuzanya ahamya ko abasirikare bagera kuri 30 b’Abarundi bishwe, abandi 20 barakomereka mu gitero ca Al-Shabaab cabereye mukigwati ca El-Baraf ku bilometero 150 muburaruko bwa Mogadiscio, niko bamwe mubategetsi bavuze.

Iyo ntwazangabo y’Umurundi yabwiye Ijwi ry’Amerika igisata c’ururimi rw’Igisomali ko abasirikare cumi baguye aho nyene mu gihe abasigaye bagiye gucikana bitewe n’ibikomere. Yanemeje ko hakiri abandi basirikare baburiwe irengero.

Umuhari wa Al-Shabaab wo wemanze ko wishe abasirikare 173 muri ico gitero, ukwigamba bigoye gukenguza mu buryo budahengamye. Irindi soko ritandukanye n’irya mbere ryabwiye Ijwi ry’Amerika, igisata c’ururimi rw’Igisomali ko abasirikare 161 ari bo bari muri iyo kambi igihe igitero cagabwa. Indongozi y’Umurundi yemeje ico gitigiri.

Iyo ndongozi y’Umurundi yabwiye igisata c’Igisomali c’Ijwi ry’Amerika ko abasirikare bari bafise amakuru ko Al-Shabaab yariko iriyegeranya mu kigwati co muri ako karere amasaha 48 imbere y’uko igitero kiba. Yavuze ko abasirikare baciye bitegurira kwirwanako maze bimba ibinogo. Yamenyesheje ko inyeshamba zigera kuri 450 ari zo zateye iyo kambi.

Yavuze ko icatunguye abasirikare ari amabombe yaturikijwe na Al-Shabaab kw’irembo ry’ikambi. Amenyesha ko izo nyeshamba zokoresheje amakamyo atatu yuzuye amabombe, hakaba haturikijwe amabombe afise uburemere bwababa ibiro 20 kuri iyo kambi.

Iyo ndongozi yemeje ko imwe mu makamyo yarimwo umwiyahuzi ari yo yononye vyinshi. Mw’itangazo ry’ubushinkiranganji bwokwivuna abansi bwayo, Leta y’Uburundi yari yatangaje ko abasirikare bayo 10 bishwe, 5 barakomereka abandi 25 baburirwa irengero. Uburundi bwanavuze ko abagwanyi 20 ba Al-Shabaab bishwe muri ico gitero.

Ku rubuga rwa Twitter, perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ata majambo yoronka ahagije yo kwiyamiriza ico gitero c’iterabwoba cakozwe ku ngabo z’Uburundi. Yanditse ati” Nifadikanije na Afrika yose yabuze abahungu n’abakobwa nkaba mfashe kano kanya kugira mpoze imiryango yabuze”.

Umuryango w’ubumwe bwa Afurika, Leta ya Somaliya na ambassade ya Amerika I Mogadiscio bose bateye ivyatsi ico gitero ca Al-Shabaab. Umukuru w’ubumwe bwa Afurika Moussa Faki Mahamat yubashe abasirikare b’Abarundi bishwe avuga koi co gitero bunyamaswa kitazogabanya inguvu z’inteko z’ubumwe bwa Afurika mugushigikira Somaliya.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Somaliya n’ayandi makungu yahamagariye amakungu guha uburyo ingabo za Somaliya n’iz’ubumwe bwa Afurika buzishoboza gutuza iterabwoba muri Somaliya.

Ambassade ya Amerika I Mogadiscio yahojeje imiryango yabuze maze yifuriza ugukira vuba abasirikare bakomeretse. Umukuru w’igisagara ca El-Baraf Addullahi Haji Muhumed yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ingwano yo kuri iyo kambi kuwa kabiri ari iyambere ikomeye kurusha izindi zose zari zimaze kuhabera.

"Intambara nkiyi ntiyari bwigere iba muri kano karere”, ni ko yavuze yongerako ati” Yari ingwano ruhasha”. Yavuze ko abasivire babiri bishwe, abarenga cumi barakomereka.

Iki gitero ni co ca mbere simusiga kibaye ku ngabo z’ubumwe bwa Afrika kuva igikorwa cazo gihinduye izina n’imikorere yo mu ntambara haraheze ukwezi.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kemeje iki gikorwa gishasha kacise “ Umugwi mfatakibanza wo guhagararira amahoro muri Somalia , ukaba ufise igikorwa co kugabanya iterabwoba rikorwa na Al-Shabaab, ugukomeza inzego za Somaliya zo kwivuna umwansi hamwe no gutegura uguha burundu amabanga yose inzego z’umutekano za Somaliya.

Uwo mugwi ufise ikiringo co kugera mu mpera za 2024 ugikorera kubutaka bwa Somaliya. Mu mwaka wa 2019 mu kwezi kw’icenda, abandi basirikare 12 b’Abarundi barishwe muri Somaliya mu ntara ya Shabelle yo hagati mu bumanuko bushira uburengero bw’umugwa mukuru Mogadiscio. mu gihe amezi abiri imbere yaho abandi 7 barimwo intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru bari biciwe ahitwa Bal’Ad ,ku birometero 30 vya Mogadiscio nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe na bamwe mubari bahari akemezwa n’igisirikare c’Uburundi yabitwemereye.

Uburundi bwarungitse ingabo muri Somaliya kuva muri 2007. Ni co gihugu ca kabiri inyuma y’Ubuganda gifiseyo abasirikare benshi bakaba barenga 4400. Ibindi bihugu bifise ingabo muri Somaliya ni Etiyopiya, Djibouti, Ubuganda na Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG