Uko wahagera

Al Shabab Yagabye Igitero ku Ngabo z'Ubumwe bw'Afurika muri Somaliya


Abarwanyi ba al Shabab
Abarwanyi ba al Shabab

Umurwi w’abarwanyi wo mu gihugu ca Somaliya, al-Shabab, wakoze igitero ku kampi ya gisirikare icumbitswemwo n’inteko z’Ubumwe bw’Afrika mu ntara ya Shabelle iri hagati mu gihugu.

Amakuru yatangajwe n’uyo murwi hamwe n’umunyagihugu waho yiboneye ico gitero, avuga ko abasivile batatu bahasize ubuzima igihe uyo murwi wariko uratana mu mitwe n’ingazo z’ubumwe bwa Afrika uyu musi ku wa kabiri.

Umurwi al Shabab umaze imyaka itari mike ugerageza gutembagaza reta ya Somalia kugira ushinge ubutegetsi bwawo bushira imbere itegeko rya kislamu Sharia, watangaje ko ariwo wakoze ico

Mw’itangazo wasohoye, wagize uti: “Inyuma y’ingwano ikomeye umurwi wacu wigaruriye iyo kampi kandi gushika ubu, iracari mu minwe yacu.”

Al Shabab uvuga kandi ko wishe abasirikare b’Ubumwe bw’Afrika 173 kandi ko wagize imbohe bamwe muri bo. Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika muri Somaliya Abdullahi Muhumud, atari mu kibanza c’ahabereye ico gitero yaronse amakuru avuga ko abasirikare batari bake b’Abarundi basize ubuzima muri ico gitero.

Abategetsi bo mu ntara ya Shabelle hamwe n’ab’Ubumwe bw’Afrika, ntibari bwagire ico bavuga kuri ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG