Uko wahagera

Abakandida 39 ni bo Bazohatanira Intebe y'Umukuru w'igihugu muri Somaliya


Umushingamateka wo mu ntara ya Puntland ariko aratora i Garowe, muri reta ya Puntland, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Somaliya, mu 2019
Umushingamateka wo mu ntara ya Puntland ariko aratora i Garowe, muri reta ya Puntland, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Somaliya, mu 2019

Abakandida 39 nibo bamaze kwiyandikisha muri Somaliya kugira bazohiganire intebe y’umukuru w’igihugu, mu matora ategekanijwe kw’itariki ya 15 y’uku kwezi kwa gatanu. Komisiyo y’abashingamateka niyo iriko irategura aya matora.

Aya matora arengeje umwaka arindiriwe ku mvo z’indyane za poritike zo kurwanira ubutegetsi zabaye hagati ya perezida Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi cane kw’izina rya Farmajo, hamwe n’umushikiranganji wa mbere Mohamed Hussein Roble.

Abashingamateka hamwe n’abasenateri nibo bazotora uwuzorongora Somaliya.

Muri abo bakandida 39 harimwo babiri bigeze kuba abaperezida ba Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud na Sharif Sheikh Ahmed. Harimwo kandi uwigeze kuba umushikiranganji ba mbere, Hassan Ali Khaire.

Umukandida azotsinda abwirizwa kuzokwiza bibiri vya bitatu vy’amajwi y’abashingamateka n’abasenateri bose, n’ukuvuga amajwi 184.

Kuri uyu wa kabiri, ibihugu 30 bifitaniye ubucuti ndetse bisanzwe binafasha Somaliya vyasinye ku rwandiko rusaba abategetsi b’ico gihugu kuzorangiza ico gikorwa ca nyuma c’amatora mu mahoro n’ukwizigirana. Bipfuza ko koba akaryo keza kugira Somaliya ibone gutandukira ikindi gice co kwubaka igihugu. Abasinye barimwo ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe ry’abarabu hamwe nibihugu vyo mu burengero nka Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubwongereza. Uburusiya nabwo bwateye umukono kuri urwo rwandiko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG