Uko wahagera

USA Yemeye Imiriyoni 200 z'Amadolari zo Gufasha Ihembe rya Afrika


PAM itanga ibifungurwa abateshejwe ivyabo muri Adadle, mu ntara ya Somaliya ya Etiyopiya, kw'itariki ya 22/01/2022
PAM itanga ibifungurwa abateshejwe ivyabo muri Adadle, mu ntara ya Somaliya ya Etiyopiya, kw'itariki ya 22/01/2022

Reta ya Reta zunze ubumwe za Amerika yemeye gutanga imiriyoni 200 z’amadolari y’inyongera yo gufasha kugarukira ku banyagihugu bo mw’ihembe rya Afrika bugarijwe n’inzara. Imiriyoni zirenga 20 z’abantu muri Etiyopiya, Kenya na Somaliya barakenye ibifungurwa, amazi hamwe n’imiti. Ubukene bw’imvura ni bwo bwatumye ako karere kinjira mu bugaragwa.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Sarah Charles wo mu kigo ca Amerika kijejwe iterambere mpuzamakungu, USAID, yavuze ko ubugaragwa bwagize ingaruka ku buzima bw’amamiliyoni y’abanyagihugu mu karere k’ihembe rya Afrika.

Ariko naho biri uko, ayo mafaranga ni igice gito c’ayakenewe kugarukira kuri abo banyagihugu. Ibigo vya ONU bijejwe imfashanyo vyavuze ko bikeneye imiriyaridi 4.4 z’amadolari kugira bafashe bikwiye ako karere. Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, OCHA, bivuga ko abantu barenga imiriyoni zitandatu mw’ihembe rya Afrika bariko barahura n’ingaruka z’uruzuba.

Ivyo biro vyemeza ko abantu barenga 750.000 bataye ingo zabo, baja kurondera amazi, ibifungurwa n’ubwatsi bw’ibitungwa mu bindi bice. Muri Somaliya honyene, abantu imiriyoni 3 barataye ingo zabo bahungira hagati mu gihugu.

Amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko naho imvura yoboneka, bitoshoka bikuraho imibabaro ubugaragwa bwateye amamiliyoni y’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG