Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres ari mu rugendo yerekeza i Moscou mu Burusiya kubonana kuri uyu wa kabiri na Perezida Vladimir Poutine. Uru rugendo rutumbereye kugerageza gusaba Perezida Poutine ko yotanga agahengwe k’intambara kuri Ukraine canke akayirangiza burundu.
Umuvugizi wa Guterres, Farhan Haq, yavuze ko uwo mukuru wa ONU mu nyuma azoca yerekeza i Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine ku musi wa kane kubonana na Perezida Volodymyr Zelenskyy, kuko ngo Guterres yiyumvamwo ko hari amahirwe y’amahoro.
Mu nzira aja i Moscow, Guterres yabonanye kuri uyu wa mbere i Ankara na perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan. Uyu yari yaragerageje guhuza Uburusiya na Ukraine ngo baganire bahagarika intambara ariko ivyo biganiro nta mwimbu ushimishije vyatanze.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yaragerageje nawe akatari gake gusaba gutanga agahengwe kugira abanyagihugu bafashwe ariko ntiyumviwe n’impande zishamiranye.
Facebook Forum