Uko wahagera

Abategetsi Bakomeye ba Amerika i Kiev Kubonana na Perezida Zelensky


Abashikiranganji babiri ba Amerika, uw'imigenderanire Antony Blinken ( i Buryo) n'uwo kwivuna abansi Llyod Austin
Abashikiranganji babiri ba Amerika, uw'imigenderanire Antony Blinken ( i Buryo) n'uwo kwivuna abansi Llyod Austin

Perezidanse ya Ukraine yavuze ko umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu Antony Blinken hamwe n’uwo kwivuna abansi Lloyd Austin bari i Kiev muri Ukraine ejo ku musi w’Imana. Rubaye urugendo rwa mbere rwo ku rwego rwo hejuru rukozwe n’abategetsi ba Amerika kuva Uburusiya butera Ukraine haraheze amezi abiri.

Uru rugendo rwa Antony Blinken na Lloyd Austin rubaye mu gihe iyi ntambara yinjiye mu kwezi kwayo kwa gatatu, aho abo imaze guhitana baharurwa mu bihumbi hamwe n’amamiriyoni yateshejwe ingo zabo. Ni mu gihe kandi Ukraine ikirondera uko yotabara abayo bugarijwe mu gisagara ca Mariupol.

Umuhanuzi wa perezida muri Ukraine Oleksiy Arestovych yavuze ko perezida Volodymyr Zelensky yabonanye n’abo bategetsi ba Amerika kuri uyu w’Imana, mu gihe Mariupol isa n’iyaguye mu minwe y’Uburusiya kandi mu gihe Ukraine ivuga ko ikeneye ibirwanisho vyo gusatira Uburusiya.

Uru rugendo rwari rwagizwe ibanga na Amerika kandi ivyaruvugiwemwo ntibiramenyekana.

Inyuma y’uru rugendo rwa Blinken na Austin, Perezida Zelenskyy ategekanya kandi ku musi wa kane kuzobonana n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres. Guterres ategekanya kubonana na perezida wa Turukiya Recepp Tayyip Erdogan i Ankara kuri uyu wa mbere na Perezida Poutine i Moscow kuwa kabiri.

Haruhande y’izi ngendo z’abategetsi, abategetsi ba Ukraine bavuze ko abasirikare b’Uburusiya bagavye igitero gishasha bakoresheje indege kw’ihinguriro ry’i Azovstal muri Mariupol, aho abasirikare ba Ukraine bari binyegeje baranse kuvayo inyuma y’aho Uburusiya bubasabiye kwishikana.

Mu ndwi iheze Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yategetse ko amarembo yose y’ico kigo yugarwa. Iki kibanza carimwo ibihumbi vy’abarwanyi ba Ukraine n’abasivile bahungiyemwo.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG