Uko wahagera

ONU: Intambara y'Uburusiya muri Ukraine Igeramiye Ibihugu Bikenye


Umunyamabanga mukuru wa ONU
Umunyamabanga mukuru wa ONU

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ingwano igihugu c’Uburusiya cateye muri Ukraine irageramiye ubutunzi bw’ibihugu vyinshi biri mu nzira y’amajambere.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, ejo ku musi wa gatatu yarasohoye raporo ivuga ko iyo ngwano yatumye haduka ubukene bw’ibifungurwa, ikibazo c’amasoko ntanganguvu hamwe n’ubukene bw’amafranga mu bihugu vyinshi vyo kw’isi bikenye, vyari bisanzwe bihanzwe n’ingaruka mbi z’ikiza ca Covid-19 n’ihindagurika ry’ibihe.

Rebeca Grynspan, umunyamabanga mukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe guteza imbere imigambi y’ubudandanji n’iterambere, yavuze ko ibihugu 107 vyo kw’isi biri mu bibazo ntangere vy’ibiciro vy’ibifungurwa n’umuyagankuba vyaduze cane.

Iyo raporo ivuga kw’abanyagihugu batagishoboye kuronka ibifungurwa mbumbamubiri bakeneye hamwe n’ibidandazwa bivuye mu mahanga bakenera mu buzima bwabo bwa misi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG