Uko wahagera

Zelensky: ONU Yananiwe Guhagarika Intambara muri Ukraine


Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ashikiriza ijambo akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano, kw'itariki 5/04/2022, ku cicaro ca ONU i New York akoresheje ubuhinga bwa Videwo.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ashikiriza ijambo akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano, kw'itariki 5/04/2022, ku cicaro ca ONU i New York akoresheje ubuhinga bwa Videwo.

Perezida wa Ukraine yifatiye mu gahanga akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa kabiri, akagiriza ko kananiwe guhagarika intambara Uburusiya bwateye mu gihugu ciwe. Yasabiye Uburusiya guhanirwa ivyaha vyo mu ntambara bwakoreye muri Ukraine.

Perezida Volodymyr Zelenskyy yavuze ko Uburusiya bukoresha ububasha bufise bwo kuzibira ibikorwa vy’ako kanama, mu gihe bwo bubandanya busambura igihugu ciwe kandi budahanwa. Hari mu nama yagiranye n’ako kanama hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, inyuma y’aho abasirikare b’Uburusiya baviriye mu gisagara ca Bucha, mu micungararo y’umurwa mukuru Kiev.

Abanyagihugu hamwe n’abategetsi bo muri ico gisagara bavuze ko abasivile barenga 300 bishwe n’abasirikare b’Uburusiya igihe bari bigaruriye ako karere. Ariko Uburusiya bwo burahakana ko ata ruhara bwagize muri ubwo bwicanyi, buvuga ahubwo ko bwakozwe n’intagondwa z'aba Nazi muri Ukraine.

Ambasaderi w’Uburusiya muri ONU yiyamirije amavidewo yerekanwa na Ukraine yemeza ko Uburusiya bwakoze ivyaha bikabije. Vassily Nebenzia yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko hari abantu amajana biteguye kugaragaza ubwicanyi bwakozwe n’aba Nazi bo muri Ukraine.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres nawe nyene yitabiriye iyo nama yo kuri uyu wa kabiri. Yasavye ko iyo ntambara ihagarara ubu nyene. Ku musi wa mbere yasavye amatohoza yigenga ku vyaha vyakorewe abasivile mu gisagara ca Bucha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG