Uko wahagera

Amerika Yagiriza Uburusiya Ubwicanyi Bukabije muri Ukraine


Abasirikare ba Ukraine mu gisagara ca Bucha, mu micungararo y'umurwa mukuru wa Ukraine, Kw'itariki ya 4/02/2022
Abasirikare ba Ukraine mu gisagara ca Bucha, mu micungararo y'umurwa mukuru wa Ukraine, Kw'itariki ya 4/02/2022

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu w’Imana, yagirije Uburusiya kuba bwarakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine. Ni mu gihe hariko haragaragara ibiziga vy’abanya-Ukraine mu mabarabara y’agasagara Bucha kari mu micungararo y’umurwa mukuru Kiev, inyuma y’aho abasirikare b’Uburusiya bahaviriye.

Umushikiranganji Blinken yavuze ko Amerika igiye gushira inguvu mu gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyakozwe muri Ukraine naho Ukraine yavuze ko ubu yasubiranye uburaruko bushira hagati hafi y’umurwa mukuru.

Abasirikare b’Uburusiya baravuye muri ako karere ka Kiev bimukira mu bisagara biri mu bumanuko bwa Ukraine ku nkengera z’ibahari ryirabura mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna abansi bwavuze kuri uyu w’Imana ko butishe abasivile mu gisagara ca Bucha kandi ko amasanamu n’amavidewo akwirakizwa yerekana abapfuye ari akandi gasomborotso kariko karakorwa n’ibihugu vy’uburengero.

Ni mu gihe mu gisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine, kuri uyu w’Imana, abanyagihugu bakirindiriye imodokari za Croix Rouge zigenewe kubakura muri ico gisagara no kuzana imfashanyo. Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press ryavuze ko abantu barenga 100.000 bacugaraniwe muri ico gisagara kimaze ukwezi kurenga gikikujwe n’inteko z’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG