Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Igenzura Umurwa Mukuru Wayo


zimwe mu ngabo za Ukraine
zimwe mu ngabo za Ukraine

Ukraine itangaza ko ari yo igenzura umurwa mukuru wayo, Kyiv, n’uturere dutandukanye tuwukikuje. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ryemeza ko muri rusangi Ukraine imaze kwisubiza ibisagara birenga 30 mu vyo Uburusiya bwari bwarigaruriye mu ntambara bwatanguje muri Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yavuze ko ibisagara vyose Uburusiya bwari bwarigaruriye bwabisize mu kangaratete. Yemeje ko hari ibiziga vy’abanyagihugu vyuzuye mu mabarabara y’ivyo bisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG