Uko wahagera

Igisirikare c'Uburusiya Catanguye kuva mu Micungararo ya Kiev


Kolonel w'umunyaukraine Oleksandr i Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine
Kolonel w'umunyaukraine Oleksandr i Kiev ku murwa mukuru wa Ukraine

Abategetsi ba Ukraine bavuze kuri uyu wa gatatu ko Uburusiya butubahirije ivyo bwemeye vyo gusubiza inyuma abasirikare babwo bari mu micungararo y’umurwa mukuru Kiev, no mu buraruko bw’igisagara ca Chernihiv. Ni mu gihe igice c’ibiganiro vy’amahoro giherutse hagati y’ivyo bihugu bibiri ata ntambwe vyateye.

Ariko n'aho bir'uko, ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwo bwavuze kuri uyu wa gatatu ko Uburusiya bwakuye igitigiri gito c’abasirikare hafi ya Kiev, ariko ko batasubijwe mu Burusiya ahubwo batwawe mu gice c’uburaruko.

Uburusiya bwavuze ko ata kimenyetso cerekana ko hari ivyumvikanyweko mu biganiro vy’amahoro na Ukraine. Ni mu gihe perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika nawe yavuganye na perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko aba bategetsi baganiriye ingene Amerika iriko ikora yiruka n’umwanya kugira ishitse ivyo yiyemeje vyo gutanda imfashanyo zasabwe na Ukraine. Bavuganye kandi n’akamaro ibirwanisho vyatanzwe vyamaze muri iyi ntambara, hamwe n’utwigoro twa Amerika n’abo bicuditse two kongereza imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine.

Perezida Biden yabwiye Perezida Zelensky ko Reta zunze ubumwe za Amerika igiye guha reta ya Ukraine imiriyoni 500 z’amadolari zo gusahiriza ikigega ca reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG