Uko wahagera

Uburusiya Bwabwiye EU ko Kwirukana Abadiplomate Bizodindiza Ibiganiro


Dmitry Peskov, Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya
Dmitry Peskov, Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya

Uburusiya buvuga ko ingingo y'ibihugu bitari bike vy'i Bulaya y'ukwirukana ababuserukira ititondewe kandi ko izotuma utwigoro tw'ukuganira tugorana. Ubutaliyano, Danemark n’Ubusweda vyifatanije uno musi wa kabiri n’ibindi bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya mu kwirukana abaserukira Uburusiya kubera ingwano iriko ibera muri Ukraine.

Abaserukira Uburusiya barenga 120 barukanywe muri ivyo bihugu mu masaha 48 arangiye. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa kabiri, ko ata nkenka ko ivyo bizotuma bafata ingingo z’ugusubiriza ivyo bihugu mu ndumane.

Ku musi wa mbere, Ubufransa bwirukanye abaserukira Uburusiya 35, mu gihe Ubudagi bwatangaje ko bwirukanye igitigiri kitari gito c’abaserukira ico gihugu. Iyirukanwa ikivunga ry’abaserukira Uburusiya ku mugabane w’Ubulaya bibaye mu gihe amakungu ariko yiyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi bukabije bwakozwe n’inteko z’Uburusiya mu gisagara ca Bucha, hafi y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev, aho hatowe ibiziga bitari bike vy’abantu bafubwe mu binogo canke barambaraye mu mabarabara. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG