Uko wahagera

Nijeri: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abapolisi 7


Umwe mu basirikare ba Nijeri
Umwe mu basirikare ba Nijeri

Mu gihugu ca Nijeri, abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana bishe abapolisi indwi bakorera ku rubibe hamwe n’abasirikare bajejwe gucungera umutekano w’igihugu.

Reta ya Nijeri ivuga ko ivyo bitero vyose vyabaye ku musi wa kabiri. Ica mbere cabereye ku kirindiro c’abapolisi citwa Petelkole, kiri ku rubibe rwo mu burengero gihana n’igihugu ca Burkina Faso.

Ikindi gitero naco cabereye ku kirindiro c’abasirikare bajejwe gucungera umutekano w’igihugu, ahitwa Djado, mu burengero bw’intara ya Agadez. Nijeri, co kimwe n’ibihugu bibanyi vyaco vya Mali na Burkina Faso, kirahanganye n’imirwi y’intagondwa ikorana n’imirwi al Qaida n’uwa Reta ya Kiyisilamu imaze kwica abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi kandi yatumye abandi imiliyoni n’imiliyoni bata ingo zabo.(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG