Uko wahagera

Ubudagi Bushobora Gukura Abasirikare muri Mali


Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire n’amakungu Annalena Baerbock azoganira n’abasirikare bari ku butegetsi muri Mali muri iyi ndwi. Umuvugizi w’ubushikiranganji arongoye yavuze kuri uyu wa mbere ko uwo mutegetsi azoba agiye kuganira kuri kazoza k’abasirikare b’Ubudagi bari muri Mali.

Baerbock ashika muri Mali kuri uyu wa kabiri aho ategekanya kubonana na Assimi Goita arongoye igihugu, hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Abdoulaye Diop. Azoca abandaniriza urugendo rwiwe mu gihugu kibanyi Nijeri kuganira na Perezida Mohamed Bazoum hamwe n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire, Ibrahim Yacoubou.

Intumbero y’urugendo rw’uyo mukenyezi ni ukumenya ishusho ya poritike n’umutekano muri ivyo bihugu, mu gihe Ubudagi bugikekeranya nimba bwogumiza abasirikare babwo muri Mali.

Ubudagi bufise abasirikare hafi 1.100 mu murwi w’abasirikare ba ONU bari kubungabunga amahoro n’umutekano muri Mali, MINUSMA.

Iki gihugu ca Buraya caratanze kandi abasirikare 300 mu nteko z’ubumwe bwa Buraya ziri kumenyereza abasirikare ba Mali. Ariko Ubufaransa bwatangaje mu kwezi kwa kabiri ko bukuye abasirikare muri Mali, bituma kazoza k’abasirikare b’Ubudagi muri Mali kaba mu makenga.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG