Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abasirikare 15 ba Nijeriya


Nigerian Army

Abantu bitwaje inkoho barishe abasirikare ba Nijeriya 15 bongera bakomeretsa abarenga cumi, mu gitero bakoze ku kambi y’igisirikare muri reta ya Kaduna mu buraruko bw’igihugu. Amakuru ava mu gisirikare yavuze kuri uyu wa kabiri ko iki gikero cakozwe n’imigwi y’iterabwoba.

Intwazangabo mw’ikambi yo mu gisagara ca Birnin Gwari muri reta ya Kaduna yavuze ko abo bantu bari ku mapikipiki bakoresheje amagerenade hamwe n’ibindi birwanisho biremereye muri ico gitero camaze amasaha arenga abiri ku mugoroba wo ku musi wa mbere.

Igisagara ca Birnin Gwari gisangiye urubibe n’amareta ya Zamfara na Nijeri, yama yatewe n’imihari yitwaje ibirwanisho.

Uwundi musirikare wo muri iyo kambi y’i Kaduna yavuze ko imodokari zitatu za gisirikare zasambuwe muri ico gitero kandi ko n’inkoho zitari nke zibwe mu bubiko bwazo.

Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG