Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Barishe 34 muri Nijeriya


Umuporisi acungereye umutekano muri reta ya Kaduna, Nijeriya, kw'itariki ya 22/02/2019.
Umuporisi acungereye umutekano muri reta ya Kaduna, Nijeriya, kw'itariki ya 22/02/2019.

Abantu bitwaje ibirwanisho barishe abantu 34 ku musi w’Imana muri reta ya Kaduna iri buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Abategetsi bo mu gice vyabereyemwo bavuze kuri uyu wa kabiri ko iki gitero cegekwa ku migwi y’abasuma bitwaje ibirwanisho.

Komiseri ajejwe umutekano muri reta ya Kaduna, Samuel Aruwan, avuga ko amazu arenga 200 nayo nyene yasambuwe mu gace k’ahitwa Kaura kandi ko n’abasirikare babiri bari muri abo 34 barishwe.

Akarere ko mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya kamaze igihe kirekire karasinzikajwe n’imihari y’abagizi ba nabi biswe abasuma, biba imihana, bakanyuruza abantu, bakiba n’ibitungwa.

Igitero co ku musi w’Imana cabaye inyuma y’umusi umwe habaye ikindi cahitanye abantu 16 mu mihana y’abanyagihugu muri reta ya Zamfara iri mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.

Ubwicanyi bukorwa n’abasuma mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya ni kimwe mu biraje ishinga abajejwe umutekano, bamaze imyaka 12 barwanya abajihadiste. Abasuma muri Nijeriya bafise amamuko mu mishamirano y’abapfa ubutaka n’ubutunzi hagati y’abarimyi n’aborozi mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG