Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare Barenga 15 Baguye mu Gitero Cagabwe kw'Ikambi


Ikambi ya Gisirikare muri Burkina Faso
Ikambi ya Gisirikare muri Burkina Faso

Abasirikare batari musi ya 16 bishwe mu gitero cabaye mw''ikambi y'igisirikare muri Burkina Faso. Abandi barenga 21 bakomeretse muri ico gitero cabaye mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu, mu gice kiri hagati mu buraruko bw’igihugu, nk’uko vyatangajwe n’igisirikare. Ico gitero cabereye mw’ikambi y’igisirikare y’ahitwa Namissiguima, mu ntara ya Sanmatenga.

Nta birenga aho catangaje ku bakoze ico gitero. Burkina Faso iriko irwanya intagondwa z’abayislamu zatandukiye ico gihugu zivuye mu gihugu kibanyi ca Mali, mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.

Imirwi ikorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyismu irakora ibitero vyiha inkumbi. Ikaba iriko itera ikomera kurushiriza muri Burkina Faso no mu kindi gihugu kibanyi ca Nijeri.

Ibitero vy’iyo mirwi vyahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, bituma abandi barenga imiliyoni 2 bahunga ingo zabo mu ntara ya Sahel, n’aho ako karere karimwo inteko zo mu mahanga n’inteko zijejwe gucungera uamutekano z’ishirahamwe ONU.

Uruhagarara n’ubwicanyi vyatanguye muri ako karere igihe intagondwa z’abayislamu zafata ibice vy’ubugararwa vyo mu buraruko bwa Mali mu mwaka w’i 2012. Vyatumye Ubufransa, bwahoze bukolonije Mali, burungika inteko zabwo muri ico gihugu mu mwaka wakwirikiye, mu kigogo k’ukutuza izo ntagondwa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG