Uko wahagera

Misiri na Sudani mu Biganiro vy'Imigenderanire


Prezida wa Misiri Abdel Fattah el-Sissi
Prezida wa Misiri Abdel Fattah el-Sissi

Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, yakiye, uno musi ku wa gatatu, umusirikare mukuru ayoboye Sudani, Jenerali Abdel-Fattah Burhan, i Cairo, mu biganiro ku migenderanire hagati y'ibihugu vyabo vyompi.

Bitegekanijwe ko mu biganiro hagati y’abo bategetsi babiri bishimikira kandi amatati ari hagati yavyo n’igihugu ca Etiyopiya ku vyerekeye urugomero rukomeye rw’umuyagankuba ico gihugu cubatse ku ruzi Nil.

N’aho ivyo bihugu bimaze imyaka itari mike bigirana ibiganiro na Etiyopiya ku bijanye n’urwo rugomero, ntivyashoboye gushika ku masezerano n’ico gihugu ku kugene corwuzuzamwo amazi n’ukugene corukoresha.

Urugendo rw’umutegetsi mukuru ayoboye Sudani, Abdel-Fattah Burhan, rubaye mu gihe igihugu ciwe kiri mu bibazo vya poritike kuva ayoboye kudeta yabaye mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2021.

Kudeta yabaye kw’italiki 25 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka uheze yarakuyeho reta mfatakibanza yari igenewe gushikana igihugu ku ntwaro ya demokrasi, inyuma y’imyaka itari mike y’ikandamizwa ku banyagihugu n’ikumirwa rya Sudani vyaranze intwaro y’uwahoze ari prezida, Omar al-Bashir.

Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Sudani, Volker Perthes, nawe nyene yashitse i Cairo, mu Misiri, uno musi ku wa gatatu. Azobonana n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’ico gihugu, Sameh Shukry. Perthes ayoboye utwigoro mpuzamakungu tw’ugutorera inyishu ibibazo vya poritike biri muri Sudani. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG