Uko wahagera

Amerika n'Ibihugu 4 vy'Abarabu Bagize Urunani rwo Kurwanya Irani


Ministri w'Ububanyi n'amahanga wa Isiralyeli Yair Lapid, (hagati ugana i bumoso), n'uw'Amerika Anthony Blinken bakorana mu ntoke na ministri w'ububanyi n'amahanga wa Bahrain, Abdullatif bin Rashid al-Zayani, n'uwa Emira z'Abarabu Sheikh Abdullah bin Zayed Al Nahyan
Ministri w'Ububanyi n'amahanga wa Isiralyeli Yair Lapid, (hagati ugana i bumoso), n'uw'Amerika Anthony Blinken bakorana mu ntoke na ministri w'ububanyi n'amahanga wa Bahrain, Abdullatif bin Rashid al-Zayani, n'uwa Emira z'Abarabu Sheikh Abdullah bin Zayed Al Nahyan

Abategetsi bakomeye baserukira Reta zunze ubumwe z’Amerika n'ibihugu 4 vy'abarabu bahuriye uno musi ku wa mbere muri Isirayeli aho berekanye ko bagize urunani rw'ukurwaniriza hamwe Irani.

Iyo nama yabaye kandi kugira basabe Isirayeli gusubira kubandanya umugambi w’amahoro n’Abanyapalestina wahagaze.

Abategetsi ba Isirayeri bavuga ko ibiganiro nk’ivyo bizosubira kuba. Ni mu gihe ico gihugu kiriko kigiranira imigenderanire myiza mu vyerekeye ubudandaji n’umutekano n’ibihugu bitari bike vy’abarabu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Isirayeri, Yair Lapid, yatangaje ko imigenderanire bariko bagirana n’ibihugu vy’abarabu izotera ubwoba abansi bisangiye. Muri bo, ubwa mbere na mbere Irani n’ibihugu bicuditse naco.

Yabitangaje ari kumwe na bagenzi we bo muri Amerika, Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain, Maroke na Misiri.

Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain na Maroke vyafashe ingingo y’ukunagura imigenderanire na Isirayeri, hisunzwe umugambi washigikiwe n’Amerika mu mwaka w’i 2020 wiswe, Abraham Accords.

Misiri cabaye igihugu ca mbere c’Abarabu cagiranye amasezerano y’amahoro na Isirayeri mu mwaka w’i 1979. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG