Uko wahagera

Umushikiranganji wa Amerika wo Kwivuna Abansi Yagendeye Isirayeli


Umushikiranganji wa Amerika wo Kwivuna Abansi
Umushikiranganji wa Amerika wo Kwivuna Abansi

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika wo kwivuna abansi, Lloyd Austin, yashitse muri Isirayeli kuri uyu w’Imana, aho agiye ubwa mbere mu rugendo rw’imisi ibiri muri ico gihugu co mu buseruko bwo hagati.

Mu butumwa yashikirije kuri Twitter agishika, yavuze ko yiteze kuganira n’abagenzi bo muri Isirayeli ku bibazo vy’umutekano mu karere.

Austin ni umutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru wo muri reta ya Perezida Joe Biden agendeye Isirayeli kuva reta ya Biden itangaje ko igiye kwongera kunagura ibiganiro bigamije kurokora amasezerano ya Nikleyeli na Irani yo mu 2015.

Umushikiranganji Austin yaganiriye na mugenzi we wa Isirayeli, Benny Gantz kuri uyu w’Imana.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yamye adahengeshanya kunegura amasezerano ya Nikleyeli na Irani, kandi yarashimye igihe uwahoze ari perezida, Donald Trump ayakuriyemwo akarenge.

Mu ndwi iheze, Netanyahu yavuze ko ayo masezerano na Irani ashobora gushika kw’ikorwa ry’ibirwanisho vya Nikleyeli bigamije guherengeteza Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG