Uko wahagera

Amerika Yasubiriye Gufasha Abanyepalestina


Umukozi w'umunyepalestina ariko aratekera ibifungurwa ku kigo UNRWA ca ONU ku mpunzi z'abanyagihugu muri Gaza, kw'itariki 7-4-2021
Umukozi w'umunyepalestina ariko aratekera ibifungurwa ku kigo UNRWA ca ONU ku mpunzi z'abanyagihugu muri Gaza, kw'itariki 7-4-2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa gatatu yasubijeho imfashanyo ku banyepalestina ingana n’imiriyoni 235 z’amadolari. Iyi ngingo yababaje igihugu bicuditse ca Isirayeli. Perezida yemeye ko agiye kugira inguvu mu mugambi wa reta zibiri zigenga nk’inyishu y’amatati hagati y’ivyo bihugu.

Muri iyi ngingo yo kuvuguruza izafashwe n’uwo yasubiriye, Donald Trump, Perezida Biden yavuze ko Amerika igiye kuzosubira gufasha igisata ca ONU c’impunzi ku mpunzi z’abanyepalestina, uwo yasubiriye yahagaritse.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire bwavuze ko Amerika izoha imiriyoni 150 z’amadolari HCR hamwe n’imiriyoni 75 zizofasha mu bisata vy’ubutunzi n’iterambere mu ntara ya Cisjordaniya no muri Gaza, hamwe n’imiriyoni 10 yo gufasha mu twigoro two gutsimbataza amahoro.

Ishavu rya Isirayeli rije mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika, iri kandi mu biganiro birongowe n’ubumwe bwa Buraya i Vienne muri Otrishiya na Irani, ku gusubira mu masezerano ya Nikleyeli, ayo umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu adashigikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG