Uko wahagera

OTAN mu Nama Yihutirwa ku Ntambara y'Uburusiya muri Ukraine


Joe Biden mu Nama
Joe Biden mu Nama

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yafashe urugendo rumujanye mu nama nkuru yihutirwa y’ibihugu vyo mu burengero bigize ishirahamwe ry’ukugwaniriza umwansi hamwe OTAN, izokwihweza ingwano yo muri Ukraine.

Indwi zine zirarumanye iyo ngwano imaze gukura mu zabo abashika ica kane c’abanyagihugu imiliyoni 4, itanguye. Gushika ubu, Igihugu c’Uburusiya ntikirashobora gufata igisagara na kimwe co muri ico gihugu muri iki gihe ibihano cafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero bisa n’ivyazingamitse ubutunzi bwaco.

Ububasha bwa gisirikare bw’Uburusiya mu gihugu ca Ukraine bwaragabanutse incuro 90% kuva iyo ngwano itanguye, nk’uko bitangazwa n’umutegetsi akomeye mu gisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Uyo mutegetsi avuga ko Uburusiya bwatakaje abasirikare benshi hamwe n’ibigwanisho.

Prezida w’Uburusiya Vladimr Putin afise umugambi wo kwitaba inama nkuru y’ibihugu 20 vyo kw’isi bikize izobera muri Indonezia mu mpera z’uyu mwaka, kandi vyitezwe ko Ubushinwa bumushigikira naho hari amakuru yatangajwe avuga kw’Uburusiya bushobora gukumirwa muri iyo nama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG