Uko wahagera

ONU Yagiriza Arabiya Sawudite Kwica Abantu 81 Baciwe Imitwe


Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet, Geneve, kw'itariki ya 3/03/2022
Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet, Geneve, kw'itariki ya 3/03/2022

Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet, kuri uyu wa mbere yaneguye yivuye inyuma ubwicanyi bwakorewe abantu 81 muri Arabiya Sawudite ku musi umwe gusa. Yasavye ubwo bwami guhagarika igihano co kwica.

Michelle Bachelet yavuze ko kwica abantu baciwe imitwe bishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara mu gihe bikozwe n’ubucamanza budaha uruhande ruregwa kwiregura.

Arabiya Sawudite yavuze ku musi wa gatandatu ko yishe abantu 81 ku musi umwe, ku vyaha bifitaniye isano n’iterabwoba. Aba bantu barenze abishwe mu mwaka wose wa 2021, ivyatumye abaharanira agateka ka muntu baca bahaguruka biyamiriza ubwo bubisha.

Ikimenyeshamakuru ca reta ya Arabiya Sawudite cavuze ko abishwe bari mu bagetsweko ivyaha vy’uko bari mu mihari y’iterabwoba ishamikiye kuri reta ya kiyisilamu, Al-Qaeda, n’abarobeli b’abahuti muri Yemeni canke iyindi mihari y’iterabwoba.

Bachelet yavuze ko Arabiya Sawudite iri mu bihugu 38 bikibandanya gukurikiza igihano co gupfa. Asaba abategetsi b’ico gihugu guhana iterabwoba hakoreshejwe amategeko ibindi bihugu bikoresha ku rwego rw’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG