Uko wahagera

ONU Isabwa Guhagurukira Abahohotera Abakenyezi muri Afuganistani


Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet
Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet

Komiseri w'ishami rya ONU ryita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet, yasavye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa kabiri, guhana abahungabanya agateka ka muntu muri Afuganistani, cane cane abahohotera abakenyezi hamwe n’abana. Hari mu nama idasanzwe y’ako kanama yatunganijwe na Norvege, yari ishimikiye ku mabi akorerwa abakenyezi.

Bachelet yasavye ibihugu vyose gukoresha ibihagararo bifise ku Batalibani kugira babasabe kwubahiriza agateka ka muntu. Yavuze ko kwaka abakenyezi uburenganzira bwabo biriko vyonona ubutunzi bwa Afuganistani, mu gihe ico gihugu gihanzwe n’ubukene bwo ku rugero rwo hejuru.

Kuva Abatalibani bashika ku butegetsi muri Afuganistani mu kwezi kwa munani, abaharanira agateka k’abakenyezi, abamenyeshamakuru, abashingwamanza hamwe n’abacamanza barahunze. Ni inyuma yo kwerekana amabi akorerwa ikiremwa muntu cane cane abakenyezi.

Bachelet yongeyeko asaba ONU ko muri porogaramu yayo, yiswe UNAMA, yo gufasha Afuganistani, izotangura mu kwezi kwa gatatu, yobanza gusaba ico gihugu kubahiriza agateka ka muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG